Nikiza David _ Umugore w'Ubu ni temba ntereke
HTML-код
- Опубликовано: 5 сен 2024
- R/
Agahengera utashe akaja mu buriri, agasinzikara hewe
Akagutega inyonko y’impimbano.
Agahengera ugiye agatamba agasiga, imigere igahindaa
Umugore w’ubu ni "Temba ntereke "
1st VERSE:
Ukamusigira abana ukagenda ku murimo, agafata inzira,
Agahinguka abonye igihendabaja.
Akarenga irembo ngo agiye gusuma, ihibambewe hoo
Umugore w’ubu ni "Temba ntereke."
--Ukamuha imodokari agasimba akayanka haa
"Oya data je nishakira indege "
--Ukamwongera iyindi akarahira akarengwa
ngo "oya data je nishakira indege"
2nd VERSE:
Ugakubita urugohe, ukarenga akarenguka
Ugasimba umugende agasimba uwundi.
Akarenga imirambi, akihereza impinga
Agacurwa n’inyomvyi yo mumataha.
Umugore nya mugore ntiyishinga ikizungu oya bambewee
Yokwamana umutima wo kwubaka
Ntiyikika mukiza ngo atemvye umugabo aramubungabunga
Umugore nyawe yohora gutyo.
(...)
Umugore mwiza ntiwobimenya
Umugore nyawe ntiyoberana
Ni ishiga ryo kuziko
Ni igikingi c’irembo
Ni ikirezi co mw’izosi
Ni urutezo rw’abahetse
Nikiza David, un monument de la musique burundaise, 27 ans après sa mort,j' écoute toujours ses chansons plein de conseils.
Indirimbo nziza cne
Il chante la pure vérité.
C'est un chanteur national
Turaramukije abakunzi b'indirimbo za Nikidev mwirambire
Il faudra au moins 50 ans pour que le pays puisse avoir un autre NIKI DAVE d'apres AFRICA NOVA son compagnon de longue date.
Pioneer of Burundi music.
He found his way in music. Murakoze.
urakoze caaaaane!
Mbeg indirimbo usivye kuyumv kur radio uwishiz aha imanavimuh umugish
urakoze nari narayibuze!!!
aba batype baririmba Ubu amajambo yarabaheranye uwu mutype yarshoboye
Ntiyabaherany gusa ntanayo bagir nico gitum bac benshi bashim kuririmb mu giswahili
Super!
i lov it
Umuziki wo hambere warufise akanovera😅
Nikiza david
vite fait tiré d'une histoire vrai
comment: eddy
#FromLoveGlobal
😊
Ouaouh!!!ours
R I P mon Oncle
mbega indirimbo igizwe ni kirundi c'abarundi
None ga, ko mbona ico Kirundi c'Abarundi kikugora kwandika ?
TANGA TONY a la guitare solo, tres bluesy.
None kiriyagihe yayiririmba abagore bari baraparanganye nkabubu?
😅😅😅😅😅😅😅😅😅
😂😂😂bapararanganye kuva kera
Pica ya bien
Indirimbo iryoshe.merci..mbega uwo aracariho?
Herve Ininahazwe non.yaritavye yanaririmvye namwe n'abarundi barifimvye niba ntibeshe orchestre,fellows sans doute.Yageze aho akurikira Imana yapfuye yqriyeguriye Yesu ,akijijwe niko bavuga Ari mu baririmvyi bemera kera mu Burundi.
Twarakubuze ntituzongera kuronka uwundi nkawe!!!!?.
Nikiza david,canjo amissi,Africa nova, bahaga prosper na christophe matata 🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮🇧🇮 naba legend
Abaririmvyi nabo apana abaririmbishwa nitabi
Intore ntiziramba ABBA hafi bose barasezeye Isi ariko basize Izina!!! Izindirimbo hafi nka Zose twari tuzizi kumutwe,harimwo ikirundi gikomeye ,abana bazi inyovyi yo mumataha ,igihenda baja igikingi c irembo ...bangana gute ubu !!!!Harakwiye ko mumayarwa zokwigishwa ,abantu nka Canjo,musoni,mupenzi,Jean Berchimas,Gakwaya ,inga za famille Ntahonkiriye,maconco,umuduri wa nkeshimana ,matata ..bari bakwiye kutazibagirwa ,ntibagiye Amazina,ibicuba ( kuyagisha inka kandi zikanyumva )