610.000.000Fbu niyo abakenyezi b'intwari basavye Kamikazi yabatutse. Umviriza urubanza uko rwagenze

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 4 дек 2019
  • Kuri uyu wa kane 5 kigarama 2019 niho umukenyezi Gloriose Karerwa Kamikazi, yagirizwa ko yatutse abakenyezi bagize ishirahamwe FEMME INTWARI, inyuma ya defile bagize kuwa 1 Mukakaro 2019, ku musi abarundi bahimbaza isabukuru rigira 57 Uburundi buronse intahe yo kwikukira, yarenguka imbere y'intahe. Kamikazi yemeye ivyo yagirizwa ko yavuze, ndetse agasaba imbabazi abo yatutse. Umushikiriza manza mukuru yansabiye uwo mukenyezi Kamikazi igihano c'umunyororo w'imyaka itatu, n'uko yoshirwa ahari abantu benshi agasaba imbabazi abarundikazi bose, ndetse n'abarundi muri rusangi. Nayo ishirahamwe FEMME INTWARI rikaba ryasavye ko yokuhagira abagize iryo shirahamwe bose bashika 600 mukubaronsa umuriyoni umwe w'amafaranaga y'amarundi ku muntu, n'imiriyoni 10 zo kuriha abashingwamanza. N'ukuvuga 610.000.000Fbu yose hamwe. Urubanza rukaba rwashizwe mu mwiherero, rukazosomwa mu kiringo kitarenga ukwezi.

Комментарии •