Uku niko Ibisigarira vya Prezida Buyoya vyakiriwe kuri Melchior Ndadaye International Airport Burund

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 7 сен 2024
  • Ibisigarira vya Prezida Buyoya Vyatahukanywe mu Burundi
    Ibisigarira vy’Umuhisi Petero Buyoya yahoze ari prezida w’Uburundi vyatahukanywe mu gihugu c’amavukiro yiwe.
    Ivyo bisigarira vyazanywe n’indege yegukira igihugu ca Etiyopiya, Ethiopian Airlines, yashitse ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye I Bujumbura mu ma saa cenda yo mu Burundi.
    Amasoko y’Ijwi ry’Amerika arimwo ayegereye umuryango wa nyakwigendera na bamwe mu bakorera ku kibuga c’indege c’i Bujumbura, yemeza ko ata mutegetsi wo muri reta ya Prezida Ndayishimiye n’umwe yaje kwakira ibisigarira vya Buyoya.
    Ayo masoko yagize ati: “Vyakiriwe n’umuryango wiwe wa hagufi, kandi mu vyo umuryango wumvikanye na reta y’Uburundi igihe wasaba ko ibisigarira vy’uwabo bitahukanwa burundu, harimwo ko ata birori birebire bizoba muri iyi mihango.”
    Bitegekanijwe ko ibisigarira vya Prezida Buyoya bizoca bishingurwana iteka ejo ku wa gatatu iyo yavukiye muri komine ya Rutovu y’intara ya Bururi iri mu buseruko bw’Uburundi.
    Itangazo ry’umuryango wiwe, ryemeza ko umuryango ubwiwe ari wo wisabiye ko uwabo ashingurwa mu Burundi. Rigira riti: “ Mu ntumbero yo kwubahiriza ivyipfuzo vya nyuma vya Nyakwigendera, umuryango wasavye indongozi z’Uburundi gutahukana ibisigarira vya Nyakwigendera, kandi zaravyemeye. Umuryango wa Buyoya urashimiye cane Prezida Ndayishimiye n’izindi ndongozi zemeye ko icipfuzo c’umuhisi co kuruhukira aho yavukiye kija mu ngiro.”
    Itangazo ry’umuryango wa Buyoya rishimira kandi indongozi za Mali n’abanyagihugu b’ico gihugu “ku kuba barakiriye neza Buyoya, bakamufata nk’uwabo haba agihumeka n’igihe atari akiriho”
    Prezida Buyoya yitavye Imana igenekerezo rya 17 ukwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2020. Yaguye mu Bufaransa azize virusi ya Corona, yamuhitanye afise imyaka 71.
    Kuva igenekerezo rya 29 z’ukwezi kwa 12 ko mu 2020, yari ashinguwe muri Mali. Yagiye gushingurwa muri ico gihugu, inyuma yaho, agishengera Uburundi bwanse ko atahukanwa, agashingurwanwa iteka rihabwa abahoze ari abakuru b’igihugu. Igihe yashingurwa muri Mali mu 2020, nta mutegetsi n’umwe w’Uburundi yamuherekeje.
    Petero Buyoya yashengeye haheze indwi zitatu atanze imihoho mu mabanga y’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika muri Mali n'akarere ka Sahel yari yagiyemwo kuva mu 2012.
    Atanga imihoho, yavuze ko abikoze kugira aronke umwanya ukwiye wo gukurikirana urubanza yari aheruka gucirwa na sentare ntahinyuzwa yo mu Burundi muri dosiye y'igandagurwa rya Melchior Ndadaye, na we yahoze atwara Uburundi.
    Muri urwo rubanza, ubutungane bw’Uburundi bwari bwamuciriye umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose, co kimwe n’abandi basirikare b’intwazangabo bari kumwe ku butegetsi muri ico gihe.
    Perezida Buyoya yatwaye Uburundi ibiringo bibiri, afashe igihugu biciye mu gutembagaza ubutegetsi. Ubwa mbere hari kuva mu mwaka w’1987 gushika mu mwaka w’1993, ubwa kabiri hari kuva mu mwaka w’1996 gushika mu mwaka w’2003, hamaze gusinywa amasezerano ya Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.#amakuru_atarikwivumbi
    #urugendo_news_amakuru
    #Updats_zurugendo_news
    Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
    Amakuru ya RPA yihuta
    Amakuru ya Haguruka yihuta
    Amakuru yinzamba yihuta
    Amakuru ya Peace FM yihuta
    Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye

Комментарии • 37

  • @BolingoTheodomir
    @BolingoTheodomir Месяц назад

    Un president genie,fort et intelligent jamais vu

  • @mahirwe980
    @mahirwe980 Месяц назад +4

    Abicanyi baba cddfdd bamwibutse kubera Buyoya ariwe wabahaye Igihugu,Buyoya izibukwa nkumuntu wahaye ubutegetsi abicanyi ba cddfdd

    • @user-gw1kg4wy6r
      @user-gw1kg4wy6r Месяц назад

      Aho urihenze Buyoya ntanico yamariyeuburundi atarukwica nugutikiza abahutu.gusa nabandi bica inzirakarengane yorabira aho ko umwicanyi wese arangizanabi umuntu nkabuyoya ntiyaruwo gutererekanwa gutyo.

    • @mahirwe980
      @mahirwe980 Месяц назад +1

      @user-gw1kg4wy6r Abatutsi cddfdd imaze kwica nibeshi kuruta abahutu bapfuye kuva 1960 kugeza uyumunsi, cddfdd imaze kwica no gutikiza abatutsi benshii caneee kuva aho buyoya abahereye igihugu

    • @donatairadukunda9919
      @donatairadukunda9919 Месяц назад

      ​@@user-gw1kg4wy6rAho uvuze iki ?

  • @victorntakirutimana3535
    @victorntakirutimana3535 Месяц назад +2

    Mumenyeshamakuru,ba wihangana nimba warize,umenye uko
    ibintu bitunganije,kuko igikuru n'uko atokwitwa umugwagahinga gusa.Uyo buyoya rero
    kubona bamuzanye mu gihugu iryo ryabaye iteka ridasanzwe nibashime ivyo
    ibirori ntibikenewe ntaninsiguro vyogira

    • @ErickBaraka-rc4zx
      @ErickBaraka-rc4zx Месяц назад

      Ubutegetsi nyakuri buva kuwakuremye naho yoba yakoze amakosa twategerezwa kumwitaho Kuko ntihabuze icoyamazee rero nkabana babantu ntitwomucira urubanza

    • @ErickBaraka-rc4zx
      @ErickBaraka-rc4zx Месяц назад

      Yaguhaye igihugu niyo mpembo womuha niwaba urumutegetsi uze uraraba vyuvuga ntakure yukuri mugisha yagiye ngamategeko ozobibona nivyagushikira

  • @cadeaunsabiyumva5304
    @cadeaunsabiyumva5304 Месяц назад

    bamwwubaha umurambo basha Imana niho izobahezagira.

  • @JoelChristianIhimbazwe-xk7lt
    @JoelChristianIhimbazwe-xk7lt Месяц назад

    Amateka yiwe kuyumva nagize ubwobwa bwinshi cane reka ivyamugoye n ivyamworoheye vyose bibere icirwa abarundi

  • @madjidnduwayo736
    @madjidnduwayo736 Месяц назад +1

    Mukirundi ngo uvuga uwapfuy ugapfa nkawe rer nimurek amajambo utazopfa nkaband

  • @user-dm9un5mq1v
    @user-dm9un5mq1v Месяц назад

    Na neva igihe ikiziga ciwe cagarukanwe muburundi nuko bizogenda

  • @user-no6yf8lz1d
    @user-no6yf8lz1d Месяц назад +2

    Naze tumwunamire natwe président wacu

  • @NshimirimanaAmos-gt3zg
    @NshimirimanaAmos-gt3zg Месяц назад

    None Kuko batamuzanye agipfa? Bamuzanye amagufa!!!

  • @MinaniAlberic-xw4eg
    @MinaniAlberic-xw4eg Месяц назад

    Mushingantahe Mugisha, ni vyiza ko waduhaye iyi nkuru. Ni intambwe nziza. Ariko nibaza ko wategerezwa kuba uzi ivyo umukuru w'igihugu yavuze. Yagize ati: "Umuntu aba yaciriwe urubanza gwo gupfa canke gupfungwa burundu, nubwo yoba ari umutegetsi akomeye cane, yitavye Imana, ntibamufubana ivyubahiro nkuko vyategerezwa kuba. Nico gituma ata mutegetsi yagiye muri Mali igihe bamufuba, nico gituma kandi nubu mu Burundi ata mutegetsi yagiye kwakira ikiziga ciwe, kandi nta mutegetsi azoja mu Rutovu kumufuba. Muhezagirwe

  • @Aiuoex
    @Aiuoex Месяц назад

    Yarabahaye igihugu abantu basemerera none reka nabo bamukinde k'umuvyimba. Birutwa n'uko Bari kumugumiza iyo yarashinguwe. Ntaho bamuzanye

  • @felickabura6328
    @felickabura6328 Месяц назад

    Abakorerikibi abandi babe babona uko bizogenda

  • @WozaMan-eo7wg
    @WozaMan-eo7wg Месяц назад

    lolele namwe nikobizogenda nkicho kibwa vuvuzela ngo ni president nikilolele

  • @schollaschol3948
    @schollaschol3948 Месяц назад

    😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭

  • @user-fo9xb8ml9w
    @user-fo9xb8ml9w Месяц назад

    Zubabwira Wew mwageranye iyo mumahanga baze bataha ari bazima bareke kuza babatahana Ari imizimu bro bwira nabandi isoko namasengero kivyuka yarashe isoko ibihumbi nibihumbi😭😭😭😭😭😭😭😭😎😎😎😎😎😎😎

  • @WozaMan-eo7wg
    @WozaMan-eo7wg Месяц назад

    mwebwe mulabapumbafu mbe kuva ayomangati yumugambwe wa cndd fdd igiye kubutegetsi hamaze gupha abanganagute chanke kwangazwa gutetozwa atali gutambakumuvyimba imiryanko yabo ntibabe balamulekeza iyoyalali

  • @veroniquekubwayo5169
    @veroniquekubwayo5169 Месяц назад

    guhambwa iwacu noguhambwa hanze mbona ntakibazo kuko uwapfuye ntaco abazi

  • @johnphiri-vf3ih
    @johnphiri-vf3ih Месяц назад

    Agapfuy kabazwa ivu!

    • @user-yv4ht2tp9c
      @user-yv4ht2tp9c Месяц назад

      Oyaye, agapfuye ntikakibazwa ivu, kabazwa YEZU kristu WE nyene yatsinze urupfu.

    • @handsome737
      @handsome737 Месяц назад

      ​❤@@user-yv4ht2tp9c

  • @NiconayisavyeSosthene
    @NiconayisavyeSosthene Месяц назад

    amaraso ya ndaday umuntu w,iman arahuma

  • @user-jj6bo2oi1d
    @user-jj6bo2oi1d Месяц назад

    Nikobimeze uwoyakoreyenamwakire

  • @user-nj7ib8rm7p
    @user-nj7ib8rm7p Месяц назад +2

    Wewe urasara,umuntu yari yraciriwe n'ubutungane leta ntiba ikimufata nkumunyacubahiro!!!uzumenye amategeko

  • @SibomanaJeanPierre-sy8fx
    @SibomanaJeanPierre-sy8fx Месяц назад

    None iherezo rumunyakibi ushaka bigendegut twebwe twarara mumashambatwicwa arikonivyiza kahambwa iwacu

    • @donatairadukunda9919
      @donatairadukunda9919 Месяц назад

      Vuga make wirenganire kuko nawe ntuzi amaherezo yawe ! Haraho woribwa n'imbwa kandi nivyo ndakwifurije mugenzi. Komera

  • @EmileNgendakumana-s2q
    @EmileNgendakumana-s2q Месяц назад

    Uranzi imiryango yabuze abavyeyi kubwuwo mwicanyi

  • @schollaschol3948
    @schollaschol3948 Месяц назад

    😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭