Burundi: abahinga bashikiriza iki kubijanye n'icegeranyo c’umurwi CVR?

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 18 окт 2024
  • Muri kino kiganiro tugaruka ku cegeranyo cashikirijwe icese n’umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR kubijanye n’ubwicanyi bwabaye mu 1972 hamwe no mu 1973. Uwo murwi ukaba waremeje icese imbere y’Inama nshingamateka na nkenguzamateka yuko ubwo bwicanyi ari ihonya bwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu.
    Turashimikira cane cane kw’izina ryahawe ubwo bwicanyi nabo bwagira, insiguro za bamwe n’abandi, intambuko igiye gukurikira ico cegeranyo yoba ari iyihe ? Bifise inkurukizi izihe kubijanye n’ukuri n’ukunywanisha abarundi? Mbega abarundi ubwabo abatware n’ abatwarwa bogira inyifato nyabaki mu ntumbero yo kubana koko hagati y’abonse rimwe?
    Muri kino kiganiro hari n'abatumire batandukanye,
    harimwo abahinga bamaze gutohoza kuri ubwo bwicanyi buvugwa ko bwabaye muri kahise k’Uburundi:
    Aloys batungwanayo umushakashatsi mu murwi CVR, yanonosoye ibijanye na kahise,
    Professeur Evariste Ngayimpenda umwigisha muri kaminuza yanonosoye ibijanye na kahise amaze imyaka anonosoye ibijanye n’ubwicanyi bwo 1972
    Léa Pascasie Nzigamasabo umunyamabanga w’umurwi CVR
    karimwo abo mu mashirahamwe y’ababuze ababo:
    Urunani rw’ababuze 1972 imbere n’inyuma y’uwo mwaka,
    Ishirahamwe AC Génocide cirimoso,
    Urunani CARAVI,
    Harimwo abigisha bakunze gukurikirana hafi ibijanye na politike n’ubutungane bw’inyuma y’intambara
    Harimwo kandi abaserukira imigambwe :
    Uwuserukira umugambwe UPRONA wari ku butegetsi mu 1972
    Uwuserukira umugambwe FRODEBU wari ku butegetsi mu 1993

Комментарии • 59