KIRUNDO Gérard, BIGIRIMANA Adolphe ft Orchestre National - Bakanibona

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 14 окт 2024
  • N’urire, wihorere, Bakanibona,
    Ubukene si ubw’umwe.
    Iryo tunga wipfuza, Bakanibona,
    N’ubanze ureke, wihangane ;
    Niyaba Imana yararikwandikiye,
    Bakanibona, Uzoronka n’ibitari ivyo.
    Baca umugani mu kirundi ngo :
    Usaba Imana ukanuye maremare,
    Ikaguha n‘ibiyamena !
    Kandi noneho urabona ko
    Imana yaremye ibintu vyose birutana!
    Gira Imana ugire ico urya
    N’aho ubika isoni,
    Bakanibona, ugire umugisha.
    Kumbura ukore nk’uwikorera, Bakanibona,
    Igihugu gitere imbere.
    Kandi noneho, kuri iyi ntwaro nshasha,
    Nta wipfuza amaronko atayakoreye!
    REFRAIN:
    Ewe ga Bakanibona, itonde;
    Imana yakuremye irakubona,
    Imana yakuremye irakubona,
    Yohoo, irakubona! Yohoo, irakubona!
    Ntawutanga Imana kwihebura,
    Imana yakuremye irakubona
    Yohoo, irakubona! Yohoo, irakubona!
    Kura amaboko mu mpuzu, Bakanibona,
    (vyuka kare mugabo)
    Kura amaboko mu mpuzu, Bakanibona,
    (inyomvyi ntigutange)
    Kura amaboko mu mpuzu, Bakanibona.
    Ntawutanga Imana kwihebura,
    Imana yakuremye irakubona,
    Yohoooo, irakubona! Yohooo

Комментарии • 15