Inyuma yo gusinya mu gitabu c'iteka,
HTML-код
- Опубликовано: 17 янв 2025
- Amajambo y’ indemesho yashikirijwe n’Umukuru w’igihugu yatowe Nyenicubahiro Gen Maj Evariste Ndayishimiye, inyuma yo gusinya mu gitabu cagenewe Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, ari kumwe n’abagizi Inama nkuru y’Inamararibonye, n’abagize Ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD mu ngoro kwa Ntare. Bimwe muri vyo ni ibi : « Umuvyeyi wacu Petero Nkurunziza yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo, yararonse umwanya wo kudusezera. Yarasezeye abarundi, arabashikiriza abarongozi bashasha abanje kubahezagira, ndetse aremeza ko yimitse abarongozi bashasha, aca asaba abarundi kubizera. Nk’uwo twagendanye, tumaze guha ikibanza ca mbere Imana, Imana yaciye itangura urugendo yo nyene mu Burundi, imudushira imbere ngo aturongore. Ivyaraye bibaye, biraboneka ko Imana yamutumye ivyo azokora mu Burundi, kandi yagiye abihejeje. Tureme kandi turemeshanye, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ntiyadusize turi intano, yadusize turi umuryango urimwo abana bakuze. We nyene yaratwirereye, adushiramwo umunti w’ubuntu, adukundisha Imana. Yararonse umwanya wo kutugira abantu mu gihugu.
Ntihagire uwumukurikiza amajambo mabi. Uwo mumva ariko avuga amajambo mabi, n’uwushaka ko ducanamwo, ntimumwishure, ahubwo mumuve impande hanyuma mu musengere. Iki gihe nico shetani yikikamwo. N’igihe co gusenga cane ! »
#Ikigandaro