FOCODE yaharuye abantu barenga 25 babuzwe irengero mu mezi 3 ya mbere y’umwaka w’2024

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 15 сен 2024
  • Ibitigiri vy’abantu banyuruzwa bakaburwa irengero bishobora kuduga cane mu minsi iri imbere. Iryo ni ishirahamwe FOCODE, ryashizeho isekeza Ndondeza, rivuga ko rifise izo mpungenge. FOCODE ikaba yasohoye itangazo kuri uno wa 30 Myandagaro wahariwe ababuzwe irengero kw’isi. Ku bwa Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo sekeza, abantu bamaze kuburwa irengero kuva Évariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi barenga 120, kandi yari yiyemeje ko ayo mabi ahagarara. Ariko igitigiri c’abantu banyurujwe mu mezi atatu ya mbere yo mu 2024 kikaba giteye agahinda kurusha, nk’uko bivugwa na Pacifique Nininahazwe, avuga ko ababikora cane cane ari abarongoye iperereza n’umugambwe uri ku butegetsi.

Комментарии •