Inanga ya Maconco

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 3 окт 2024

Комментарии • 134

  • @kingniyo2994
    @kingniyo2994 27 дней назад

    Inanga ya Maconco is full of wisdom
    If u know u know.
    Listening from Edmonton, CA

  • @emmanuelniyongabo6543
    @emmanuelniyongabo6543 3 года назад +30

    D,origine Rwandais mais pris naissance au Burundi ( Matana) j, apprécié beaucoup les chansons Burundaise spciallement Maconco From Kampala UGANDA thank u

  • @alexnono7127
    @alexnono7127 Год назад +5

    Genuinely storytelling. Love from Rwanda

  • @christannysindayihebura479
    @christannysindayihebura479 Год назад +5

    💗💗💗💗💗💗💗 kanyibutsa mubuto twicaye kurubumbiro turiko turota..

  • @christiansindayigaya9927
    @christiansindayigaya9927 3 года назад +7

    Akaranga,umuco,nakahise kuburundi!ndashimiy cane uwashize iyi nanga kuri you tube

  • @hydrosgatore9147
    @hydrosgatore9147 Год назад +8

    Inanga y'ibihe vyose❤

  • @sadantashavu293
    @sadantashavu293 4 года назад +6

    Inanga maconco ndayikunda💖 cane...ooh RUREBEYA NDE💕, miss & love my 🇧🇮🇧🇮🇧🇮

  • @yvonnemutole3982
    @yvonnemutole3982 3 года назад +3

    I love my country from zambia

  • @NDAYIRAGIJEHusseinjoseph-hi9nf
    @NDAYIRAGIJEHusseinjoseph-hi9nf Год назад +2

    Iyi nanga ndayikunda pe,yemwe twirinde kumenja,dushime ivyo turose

  • @Bestof257Official
    @Bestof257Official Год назад +1

    So beautiful, iyo twiga histoire uku

  • @MrPhronesiswisdomful
    @MrPhronesiswisdomful  7 лет назад +59

    Ukubabara kurababaza ye nyabura
    Ugutonekara kutaraza
    Uwo rero muramwumva
    Yari nyina ngo oya wiwe
    Ati mbega mwananje mwananje we
    Ati nyamara mwananje
    Numbarire ikikubabaje
    Ko wama wicurikira
    Ati ukurya ntikubuza ukuganya ge mawe we
    Imbiribiri ntibuza intimba
    Ntawuhora aho yabaye
    Nyina wiwe akamubarira mwananje we
    Ati sigaho mwananje
    Tega amatwi ndakubarire
    Yaco uba wigira igifyine
    Ati so wawe mu guhwera mwananje we
    Yaravyutse mu gitondo
    Gutabara ngo urugamba
    Urugamba rwatewe
    Arajabuka ca cuzi mwananje we
    Arakubita ngo aratemba
    Aca aratemba nk'amazi
    Ati none mwananje
    Tega amatwi ndakubarire
    Nkubarire abamenje
    Ati nkubarire abamenje mwananje we
    Ndakubarire abamenje
    Umwami Mwezi Gisabo
    (1850 - 1908) Ati Maconco mu kumenja mwananje
    Yari umukwe ngo w'umwami
    Yaravutse ari umwana
    Aragenda ku kirimba
    Oya umwami amubonye
    Aramugomwa aramugabira
    Amuha umugeni wiwe aramutwara mwananje we
    Amuha n'inka aratwara
    Ati mbega Maconco
    Amuha ngo n'ikirimba
    N'intara yatwara
    Hamwe Maconco yatunze mwa bantu mwe
    Mutege amatwi ngo muvyumve
    Hamwe Maconco yatunze mwa bantu we
    Aragenda kwa sebukwe
    Aravyuka mu gitondo
    Umugore atamubarire
    Aratura ku kirimba
    Kwa sebukwe wiwe
    Sebukwe ngo akimubonye mwa bantu mwe
    Atangura ngo kumuranutsa
    Oya kandi arapfuma
    Mwananje ga Maconco
    Je ndagize ngo bwakeye
    Ngo Maconco aramusubiza mwa bantu mwe
    Bwakeye databukwe
    Ati nyamara databukwe databukwe we
    Je naraye ngo ntaryamye
    Oya intezi zanteye
    Raba ngo ufise imbwa zibiri databukwe we
    Oya Mucebo na Rurebeya
    Jewe ndayikuzamvye
    Ngusavye iyo mbwa yawe
    Iyo mbwa nkuru ya zosi
    Oya uyimpe ndayitware
    Sebukwe ngo avyumvise mwa bantu mwe
    Araheza ngo agira ubwoba
    Ati mbega Maconco
    Narakugabiye mwananje ga Maconco we
    Ati ehe raba Maconco
    Nguhaye umugeni wanje ga Maconco
    Naguha intara uratwara
    Ati n'ubu mwananje ndakugabira
    Ngo ntugenda ntakugabiye
    Ndaguhaye zirya zonsa
    Izo nyene ndaziguhaye
    Ndaguhaye n'igihugu natwara cosi
    Ico cosi kibe rwawe
    Eka singuha rurebeya mwananje we
    Ngo Maconco aca ararahira
    Ati databukwe ndakubariye je Maconco
    Ukabona utayimpaye
    Jewe ndagiye iwanje
    Kandi nshika niyahura
    Ngo Maconco aragenda
    Afata akayira aragenda
    Ashika i muhira iwiwe
    Umugore akimubonye
    Atangura kumuramutsa
    Arapfukama aramuramutsa
    Ati nagize bwakeye
    Ngo Maconco arihorera
    Umugore arashishikara
    Ati ndagize bwakeye
    Ngo Maconco arihorera
    Aragenda ku kirambi mwa bantu mwe
    Arasasa ngo araryama
    Umugore bitavuganye
    Ikiyago bitayaze
    Hama igicugu caciye mwa bantu mwe
    Igicugu ngo kiraciye
    Umugore riramuniga
    Abaza umugabo wiwe
    Ati mbega Maconco
    Ati mama w'umukondo
    Numbarire ikigushavuje
    Numbarire ikigushavuje
    Ati sigaho mugoranje mugoranje we
    Jewe ubona aha natumvye
    Aho nava kwa so wawe
    Kandi ari we databukwe
    Aho nava kwa nyoko wawe
    Kandi ari we ngo mabukwe
    Nabasavye irya mbwa yabo
    Irya mbwa nkuru ya zosi
    None barayinyimye
    None ngira niyahure
    Umugore ngo aryumvise mwa bantu mwe
    Ati sigaho ga Maconco
    Sigaho ntiwiyahure
    Je ndagiye sindayisiga
    Amena igicugu aragenda mwa bantu mwe
    Aratura ku kirimba
    Kwa sebukwe wiwe
    Ari we se wa Maconco
    Asanga nyina wiwe yicaye kw'irembo mwa bantu mwe
    Ngo se wiwe ntari muhira
    Nyina wiwe agira ubwoba
    Ati mbega mwananje
    Ati mbega uzenywe n'iki
    Numbarire ngo ikikuzanye
    Ati sigaho ge mawe ge mawe
    Ayo mwakoze ntarindwa
    Aho Maconco yava ng'aha ge mawe
    Ngo n'ukurya ntiyariye
    N'ukuvuga tutavuganye
    Ikiyago ntituyage
    Ati mbega mwananje
    None tubigire nte
    Ati ehe raba mwananje mwananje we
    Ngo Maconco ndakubarire
    Twamuhaye umugeni wacu mwananje we
    Tumuha intara aratwara
    Ashime ivyo twabahaye
    Umukobwa avyumvise
    Ati mbega ge mawe
    Ati umukwe wanyu
    Muramuhevye yiyahure
    Ngo Maconco ukabona ngo ariyahuye
    Ngo na jewe ngo sinsigara
    Nyina wiwe avyumvise
    Ati sigaho mwananje
    Sigaho ngo ntiwiyahure
    Genda uziture uyitware mwananje we
    Uyitware mu kirimba
    Ngo so wawe agataha
    Na we nyene ngo ariyahura
    Wa mukobwa aragenda
    Arayizitura mu kirimba
    Arayifata arayitwara
    Yarateye mu gahinga mwa bantu mwe
    Akamwemwe karamwica
    Apfukura araba
    Ati Rurebeya ndagutwaye
    Yarashitse i muhira iwiwe
    Ashitse ngo i muhira iwiwe
    Amusanga araryamye
    Ntarava ku kirambi
    Ati Maconco nuvyuke mugabo wanje we
    Ico waririye ndakironse
    Ngo Maconco abibonye
    Ava hasi aramuramutsa
    Imbwa ayishira ku kirimba
    Akubitira umuryango
    Naho umwami ngo arataha
    Mwa bantu ngo muvyumvye
    Mbabwire kandi uko vyagenze
    Nayo umwami arataha
    Arashika kw'irembo
    Ahamagara imbwa yiwe
    Kandi ize imusanganire
    Ahamagara ngo avuga ati
    Ngo ehe Rurebeya
    Ahi nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Aragira ngo ntiyumvise
    Akomeza yegereza
    Ngize nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte nte Rurebeya we
    Nte nte Rurebeya nawe
    Nte Rurebeya
    Arabura iyo yagiye
    Yegereza mu kirimba
    Aho Rurebeya yaryama
    Ngize nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Nte Rurebeya
    Arabura iyo yagiye
    Aca arabaza umwamikazi
    Mwamikazi we
    Rurebeya ngo iri hehe
    Arasimbira mu muryango umwamikazi
    Ararahira umusi mubi
    Ngo ko atazi iyo yagiye
    Abarira umupitsi wiwe
    Shira indava aho mu rugo
    Oya unsasire ngo ndyame
    Ngo n'ugupfa napfuye
    Rurebeya yagiye
    Arasasa ngo araryama mwa bantu mwe
    Ngo n'ukurya ngo ntiyariye
    Yamara umwana wa Maconco
    Haciye imisi ibiri
    Arabarira ngo Maconco
    Ati Maconco dawe wanje
    Ati Maconco dawe wanje
    Urabona imisi ni myinshi
    Ntagenda kwa sogokuru wanje
    Ntagenda ngo kumuramutsa
    Ngo se wiwe aramubarira mwananje we
    Uko ugenda ndakubarire
    Ntuvuge ko Maconco
    Oya kandi ko iri ino
    Ntuvuge Rurebeya mwananje
    Ukarimena ngo rirakumena
    Wa mwana ararahira
    Ati ekaye dawe ntayomvuga
    Nyina wiwe aramubarira
    Mwananje ko ugiye
    Uhirarahire ngo urimene mwananje
    Ukavuga ko Rurebeya
    Nzoshika ngo nce ndakuniga
    Ati ekaye mawe
    Wa mwana afata akayira
    Aragenda mwa bantu mwe
    Aratura ku kirimba
    Kwa sekuru wiwe
    Amusanga araryamye
    Ngo yaryamye ngo mu rugo
    Wa mwana aramuramutsa
    Aramutsa sekuru
    Ati sogokuru w'iwanje
    Je ndagize ngo bwakeye
    Sekuru arihorera
    Ati ndagize bwakeye
    Sekuru arihorera
    Ati ndagize bwakeye
    Bwakeye sogokuru wanje
    Sekuru arihorera
    Wa mwana ishavu riramwica mwa bantu mwe
    Ati ibi bintu sindabizi
    Asubiza inyuma ngo arataha i muhira iwabo
    Wa mwana sekuru ngo bitavuganye
    Ashitse mw'irembo
    Wa mwana arakebuka
    Arabarira sekuru
    Ati uranciye mu bibondo vyawe
    Ndagiye ga sogokuru
    Je ndagiye sinkigaruka
    Sinkigaruka ng'aho iwawe
    Sekuru agira akagongwe
    Ati sigaho mwananje
    Nugaruke ndakubarire
    Ati ukubabara nababaye mwananje we
    Aha ubona nasavye
    Rurebeya yaragiye
    Sindabizi iyo yagiye
    Wa mwana aca ararimena mwa bantu mwe
    Ati sigaho ga sogokuru we
    Ati aho mawe yava ng'aha ga sogokuru
    Yayitwaye ngo mu gikwembe
    Ayishira ngo dawe
    Aca ava hasi aramuterura mwa bantu mwe
    Ati uragakura mwananje
    Urakarererwa i Burundi
    Aca ahamagara ingabo ziwe mwa bantu mwe
    Urya mwana mumugabire
    Muce mugenda kw'irembo kwa Maconco
    Ngo mukore ngo ico mushaka
    N'ukukmenja yamenje
    Za ngabo ziragenda
    Ziratura kw'irembo
    Kw'irembo kwa Maconco
    Umugore wiwe abibonye mwa bantu mwe
    Yiruka i muhira iwiwe
    Ati ngaho Maconco
    Ngaho ngo turatewe
    Sobukwe araguteye
    Oya genda utabaze
    Utabaze ugutwara
    Amena ikirimba aragenda mwa bantu mwe
    Aragenda kwa Digidigi
    Ati nyabuna ga Digidigi
    Databukwe aranteye
    Anteye n'ingabo ziwe
    Oya ngwino ngo untabare
    Digidigi ngo agira ubwoba
    Ati genda ubarire Kanugunu
    W'i Busumbura ga Maconco
    Azoze agutabare
    Afata ibarabara ry'Abadagi mwa bantu mwe
    Aratura ngo i Busumbura
    Nyabuna ga Kanugunu
    Databukwe aranteye
    Hamwe n'ingabo ziwe
    Oya ngwino untabare
    Ibasitori (Pistolet) Kanugunu agira ubwoba mwa bantu mwe
    Ariko aremera aragenda
    Ati yamara ga Maconco
    Oya hogi iyo tugende
    Yakira ibikoti yari afise mwa bantu mwe
    Abishira ngo mu kwaha
    Ashira ibasitori
    Ayitwara mu kwahwa
    Bafata inzira baraduga mwa bantu mwe
    Baratura mu Maramvya
    Kanugunu agira ubwoba
    Ati sigaho ga Digidigi
    Niwumve nguhanure
    Genda wubahe sobukwe
    Akugabe akuganze ga Maconco we
    Yaguhaye intara uratwara ga Maconco we
    Aguha n'umugeni wiwe
    Ngo Maconco avyumvise
    Ngo ndapfuye
    Ahita icumu yari afise ry'ingobe ngo mwa bantu mwe
    Aritera ngo Kanugunu
    Rica mu kwaha riramuhusha
    Kanugunu yakira ibasitori ngo mu kwaha mwa bantu mwe
    Ayikubita mu gahanga
    Mu gahanga kwa Maconco
    Ati umumenja turamwishe

  • @nzabigarurajames4031
    @nzabigarurajames4031 Год назад +1

    Mbega!!!!binyibutsa abasaza iyotwabaga turimubiraro tumaze kumwamata yinka zachu abagome batarazimara dutaramye turikumviriza 📻 national yuburundi,cg radio Rwanda.

  • @NdagijimanaOlivier-bh8ix
    @NdagijimanaOlivier-bh8ix 2 месяца назад +2

    Ikiniga nimpamo.

  • @aristidetv2912
    @aristidetv2912 2 года назад +2

    iraryoshe kweri

  • @mwananyamalaz4427
    @mwananyamalaz4427 Год назад +1

    I love this called inanga 2022 from+61

  • @sigsbertmunyempundu8143
    @sigsbertmunyempundu8143 4 года назад +2

    Akaranga kacu kararyoshe yemwe! Iyi nanga irabica bigacika kuva mubwana kugera nubu turacayumviriza! Izama ar iyambere

  • @digitalhead1345
    @digitalhead1345 2 года назад +1

    Ibibintu ndabikunda numutima wose

  • @venustendayishimiye9652
    @venustendayishimiye9652 Год назад +1

    I am proud of being burundian.

  • @NdagijimanaOlivier-bh8ix
    @NdagijimanaOlivier-bh8ix 3 месяца назад

    Ntibanyurwa

  • @DesireHabarugira-uy7iw
    @DesireHabarugira-uy7iw 4 месяца назад

    Mwakoze gushira iyinanga kur you toub

  • @Ndabazimvye
    @Ndabazimvye 3 месяца назад

    ❤izammaho

  • @asheilla
    @asheilla 6 лет назад +6

    uragakura mwananje, irakarererw'iBurundi

    • @monabucagerard3511
      @monabucagerard3511 3 года назад

      Le Burundi est un très bon pays...... Mw'isi n'icambere

    • @pierreclaverntirampeba3023
      @pierreclaverntirampeba3023 2 года назад

      @@monabucagerard3511 Urakarererwa i burundi bitwibutsa indero yo ku ziko abavyeyi batanga nibaza ko i burundi ariho honyene batanga inero yo ku ziko

  • @JaphetMuhoza
    @JaphetMuhoza 4 месяца назад

    Man Ubu Koko mwazaretse ibintu bya politics ko numva abarundi n'abanyarwanda turi bamwe. Ndi umunyarwanda nkunda u Rwanda rwange, ariko nakuriye i Burundi mu Buterere. Mworeka tugashira hamwe tugashimangira akaranga.

  • @aliverahabimana1842
    @aliverahabimana1842 Год назад +2

    Beautiful 😍

  • @bnkundwa
    @bnkundwa 6 месяцев назад

    Maconco was a leader from Muramvya.

  • @gillesnzambimana5649
    @gillesnzambimana5649 7 лет назад +27

    Mu karere ki biyaga binini, Abarundi turi Abambere mu karanga: dufise Ingoma za mbere kw' isi, Inanga, ibicuba, Indirimbo zi Kirundi nziza.

  • @vyuguruzumwangumwereka
    @vyuguruzumwangumwereka Год назад +1

    Why do they whisper? I'm under the impression people sing to be heard, right? So, why whisper?

  • @CostantineRwanyindo
    @CostantineRwanyindo 6 месяцев назад

    Inanga nziza cane musyire nyinshi kuri u tube

  • @etiennetuyisenge1729
    @etiennetuyisenge1729 7 месяцев назад

    Iyombwa none yari imbwa nyabaki?

  • @FrançoiNijimbere
    @FrançoiNijimbere 5 месяцев назад

    AKaranga ningata igihugu n'igisabo dutegérezwa gushigikiza igihugu cacu le Burundi akarangaa kacu

  • @zitamurango284
    @zitamurango284 3 года назад +6

    Triste histoire mais vraie.

  • @wns5649
    @wns5649 3 года назад +1

    Abarundi nabambere kunanga gusa araho bihurira ninanga yo muri Somalia mwabantu mwe

  • @glorioseininahazwe1056
    @glorioseininahazwe1056 5 лет назад +2

    Uburundi turicarabambere kabisa

  • @niyongabofranckraoul4559
    @niyongabofranckraoul4559 Год назад +1

    Beautiful

  • @NikizaAugustin-u7u
    @NikizaAugustin-u7u Год назад

    ❤❤❤❤❤❤🎉 I love you Burundi

  • @busynoverse
    @busynoverse 7 лет назад +5

    Ndakunda iyi nanga sana!! Ariko sinari bwumve ko harimwo agakosa!! Umugore wa Maconco yagiye gutora imbwa RUREBEYA kwa Se, si kwa Sebukwe; ni kwa Sebukwe wa Maconco, si kwa Se wa Maconco!!!

  • @ntirenganyaeliasb2378
    @ntirenganyaeliasb2378 Год назад

    irambire.warandikishije.amatekameza

  • @marie-chantalpahud7100
    @marie-chantalpahud7100 3 года назад +2

    J adore

  • @peterkanamugire7216
    @peterkanamugire7216 Год назад +1

    ❤👏🇧🇮

  • @martinvyankamvuga7028
    @martinvyankamvuga7028 Год назад

    Ariko ndakeneye kumenya nimbaa iyombwa ivurwa munanga ariyo umwami mwezi na maconco bapfuye koko,canke ni ikindi kintuu basubirje na rurebeye kitazwi?

  • @ndikumanaelias9890
    @ndikumanaelias9890 2 года назад

    Good.song

  • @JustinPhiri-j8q
    @JustinPhiri-j8q Месяц назад

    Nibitse muhira kwa bibi imwurire kumugano

  • @nkundaberabenoit1528
    @nkundaberabenoit1528 3 года назад +1

    Irankomeza

  • @vanettendayizeye1311
    @vanettendayizeye1311 2 года назад

    Maconco niyakera numugan ukomey kandi nikint gikomeye kugihug cacu ciza cuburundi

  • @nzabigarurajames4031
    @nzabigarurajames4031 Год назад +1

    Ibibinyerekako:Abanyarwanda,abarundi,abanyamulenge inkomoko yacu ari1 nkuko harimicho myinshi duhuriyeho harimo ninanga.

    • @wilsongafurero4284
      @wilsongafurero4284 2 месяца назад

      Kibeshamahanga, nta banyamulenge babaho, Mulenge n'umusozi wabafulero, mureke kuzamubesha amahanga, abiyita abanyamurenge n'abamenja babatutsi babanyarwanda bahawe ahokuba n'abakongomani mukubashimira birigwa babica ngobabatware igihugu, bamaconco bamaho pe.

    • @nzabigarurajames4031
      @nzabigarurajames4031 2 месяца назад

      @@wilsongafurero4284 wamburabwenge weeee wabikuyehe???uzige histoire ya African ugabanye ubujiji..

  • @emmanuelbutare8382
    @emmanuelbutare8382 7 лет назад +1

    Ukubabara kurababaza ye nyabura
    Ugutonekara kutaraza
    Uwo rero muramwumva
    Yari nyina ngo oya wiwe, Maconco yanze kumva ariko nazekubona

  • @stephenhumphrey4492
    @stephenhumphrey4492 4 года назад +3

    I love this music.

  • @manishimwejoyeuse901
    @manishimwejoyeuse901 5 лет назад +1

    Ndakunda iyinanga yambazabugabo

  • @FreddyNduwimana-gl5hb
    @FreddyNduwimana-gl5hb Год назад

    Amateka

  • @marie-chantalpahud7100
    @marie-chantalpahud7100 3 года назад

    C est beau

  • @rukundojeandedieu5511
    @rukundojeandedieu5511 4 года назад +1

    Iyinanga ndayikunda kuva minuto bwanj muga iyimbwa yateranij umukwe na sebukwe sintahura iyariyo

  • @hasabumutimaking5868
    @hasabumutimaking5868 4 года назад

    Birababaje kweri

  • @Rwaka250
    @Rwaka250 4 года назад +1

    Dore aho kuvuga ngo AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE byaturutsee ruclips.net/video/kID9FvVAvIY/видео.html

  • @sylvestrensanzimana7936
    @sylvestrensanzimana7936 4 года назад +2

    Wonderful!

  • @habimanahodal2864
    @habimanahodal2864 2 года назад

    Kanugunu yubahwe

  • @Akiwacu
    @Akiwacu 10 месяцев назад

    ❤💚

  • @CyprienHavyarimana-uz6qd
    @CyprienHavyarimana-uz6qd Год назад

    Akaranga kacu

  • @REMMY962
    @REMMY962 7 лет назад +5

    urakoze cane gushirako iy'inanga 'maconco'

  • @hamzapharrelle
    @hamzapharrelle 2 года назад +1

    I love my country ❤️❤️❤️

  • @nzizadesire3684
    @nzizadesire3684 4 года назад

    Rurebeya

  • @youngstone60
    @youngstone60 2 года назад +1

    😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭

  • @epicure6494
    @epicure6494 10 месяцев назад

    .

  • @ndimbirashengeclaudine7606
    @ndimbirashengeclaudine7606 5 лет назад +2

    Salut, mwampa contact z abantu bafite rights kuri iyi nanga? Yaririmbwe na nde?

  • @InesiBella
    @InesiBella 4 месяца назад

    Hooo🥲🤔🤔🤔🤔🤔

  • @bariyunturaliberate8677
    @bariyunturaliberate8677 6 лет назад +2

    Mbega Poèsie !

  • @nshimiyimanajeanbaptiste8286
    @nshimiyimanajeanbaptiste8286 3 года назад

    Digidigi yari muntu ki mudusobanurire?

  • @ingabirecedrick9721
    @ingabirecedrick9721 5 лет назад

    🇧🇮🇧🇮🇧🇮 💪💪💪

  • @المنتصرالرحبي-د8ي
    @المنتصرالرحبي-د8ي 6 лет назад +2

    Iyo mbwa nimba haribindi bayishakamwo