D,origine Rwandais mais pris naissance au Burundi ( Matana) j, apprécié beaucoup les chansons Burundaise spciallement Maconco From Kampala UGANDA thank u
Man Ubu Koko mwazaretse ibintu bya politics ko numva abarundi n'abanyarwanda turi bamwe. Ndi umunyarwanda nkunda u Rwanda rwange, ariko nakuriye i Burundi mu Buterere. Mworeka tugashira hamwe tugashimangira akaranga.
Ndakunda iyi nanga sana!! Ariko sinari bwumve ko harimwo agakosa!! Umugore wa Maconco yagiye gutora imbwa RUREBEYA kwa Se, si kwa Sebukwe; ni kwa Sebukwe wa Maconco, si kwa Se wa Maconco!!!
Inanga ya Maconco is full of wisdom
If u know u know.
Listening from Edmonton, CA
D,origine Rwandais mais pris naissance au Burundi ( Matana) j, apprécié beaucoup les chansons Burundaise spciallement Maconco From Kampala UGANDA thank u
Matana,isoko yaho yarahiye !ndagutahije
Pourquoui dire que c,est dorigine rwandaise?
Eclairicissement!
B
Macoco is romatic
💗💗💗💗💗💗💗 kanyibutsa mubuto twicaye kurubumbiro turiko turota..
Inanga y'ibihe vyose❤
True
Genuinely storytelling. Love from Rwanda
Mbega!!!!binyibutsa abasaza iyotwabaga turimubiraro tumaze kumwamata yinka zachu abagome batarazimara dutaramye turikumviriza 📻 national yuburundi,cg radio Rwanda.
Iyi nanga ndayikunda pe,yemwe twirinde kumenja,dushime ivyo turose
Akaranga,umuco,nakahise kuburundi!ndashimiy cane uwashize iyi nanga kuri you tube
Inanga maconco ndayikunda💖 cane...ooh RUREBEYA NDE💕, miss & love my 🇧🇮🇧🇮🇧🇮
Man Ubu Koko mwazaretse ibintu bya politics ko numva abarundi n'abanyarwanda turi bamwe. Ndi umunyarwanda nkunda u Rwanda rwange, ariko nakuriye i Burundi mu Buterere. Mworeka tugashira hamwe tugashimangira akaranga.
Ukubabara kurababaza ye nyabura
Ugutonekara kutaraza
Uwo rero muramwumva
Yari nyina ngo oya wiwe
Ati mbega mwananje mwananje we
Ati nyamara mwananje
Numbarire ikikubabaje
Ko wama wicurikira
Ati ukurya ntikubuza ukuganya ge mawe we
Imbiribiri ntibuza intimba
Ntawuhora aho yabaye
Nyina wiwe akamubarira mwananje we
Ati sigaho mwananje
Tega amatwi ndakubarire
Yaco uba wigira igifyine
Ati so wawe mu guhwera mwananje we
Yaravyutse mu gitondo
Gutabara ngo urugamba
Urugamba rwatewe
Arajabuka ca cuzi mwananje we
Arakubita ngo aratemba
Aca aratemba nk'amazi
Ati none mwananje
Tega amatwi ndakubarire
Nkubarire abamenje
Ati nkubarire abamenje mwananje we
Ndakubarire abamenje
Umwami Mwezi Gisabo
(1850 - 1908) Ati Maconco mu kumenja mwananje
Yari umukwe ngo w'umwami
Yaravutse ari umwana
Aragenda ku kirimba
Oya umwami amubonye
Aramugomwa aramugabira
Amuha umugeni wiwe aramutwara mwananje we
Amuha n'inka aratwara
Ati mbega Maconco
Amuha ngo n'ikirimba
N'intara yatwara
Hamwe Maconco yatunze mwa bantu mwe
Mutege amatwi ngo muvyumve
Hamwe Maconco yatunze mwa bantu we
Aragenda kwa sebukwe
Aravyuka mu gitondo
Umugore atamubarire
Aratura ku kirimba
Kwa sebukwe wiwe
Sebukwe ngo akimubonye mwa bantu mwe
Atangura ngo kumuranutsa
Oya kandi arapfuma
Mwananje ga Maconco
Je ndagize ngo bwakeye
Ngo Maconco aramusubiza mwa bantu mwe
Bwakeye databukwe
Ati nyamara databukwe databukwe we
Je naraye ngo ntaryamye
Oya intezi zanteye
Raba ngo ufise imbwa zibiri databukwe we
Oya Mucebo na Rurebeya
Jewe ndayikuzamvye
Ngusavye iyo mbwa yawe
Iyo mbwa nkuru ya zosi
Oya uyimpe ndayitware
Sebukwe ngo avyumvise mwa bantu mwe
Araheza ngo agira ubwoba
Ati mbega Maconco
Narakugabiye mwananje ga Maconco we
Ati ehe raba Maconco
Nguhaye umugeni wanje ga Maconco
Naguha intara uratwara
Ati n'ubu mwananje ndakugabira
Ngo ntugenda ntakugabiye
Ndaguhaye zirya zonsa
Izo nyene ndaziguhaye
Ndaguhaye n'igihugu natwara cosi
Ico cosi kibe rwawe
Eka singuha rurebeya mwananje we
Ngo Maconco aca ararahira
Ati databukwe ndakubariye je Maconco
Ukabona utayimpaye
Jewe ndagiye iwanje
Kandi nshika niyahura
Ngo Maconco aragenda
Afata akayira aragenda
Ashika i muhira iwiwe
Umugore akimubonye
Atangura kumuramutsa
Arapfukama aramuramutsa
Ati nagize bwakeye
Ngo Maconco arihorera
Umugore arashishikara
Ati ndagize bwakeye
Ngo Maconco arihorera
Aragenda ku kirambi mwa bantu mwe
Arasasa ngo araryama
Umugore bitavuganye
Ikiyago bitayaze
Hama igicugu caciye mwa bantu mwe
Igicugu ngo kiraciye
Umugore riramuniga
Abaza umugabo wiwe
Ati mbega Maconco
Ati mama w'umukondo
Numbarire ikigushavuje
Numbarire ikigushavuje
Ati sigaho mugoranje mugoranje we
Jewe ubona aha natumvye
Aho nava kwa so wawe
Kandi ari we databukwe
Aho nava kwa nyoko wawe
Kandi ari we ngo mabukwe
Nabasavye irya mbwa yabo
Irya mbwa nkuru ya zosi
None barayinyimye
None ngira niyahure
Umugore ngo aryumvise mwa bantu mwe
Ati sigaho ga Maconco
Sigaho ntiwiyahure
Je ndagiye sindayisiga
Amena igicugu aragenda mwa bantu mwe
Aratura ku kirimba
Kwa sebukwe wiwe
Ari we se wa Maconco
Asanga nyina wiwe yicaye kw'irembo mwa bantu mwe
Ngo se wiwe ntari muhira
Nyina wiwe agira ubwoba
Ati mbega mwananje
Ati mbega uzenywe n'iki
Numbarire ngo ikikuzanye
Ati sigaho ge mawe ge mawe
Ayo mwakoze ntarindwa
Aho Maconco yava ng'aha ge mawe
Ngo n'ukurya ntiyariye
N'ukuvuga tutavuganye
Ikiyago ntituyage
Ati mbega mwananje
None tubigire nte
Ati ehe raba mwananje mwananje we
Ngo Maconco ndakubarire
Twamuhaye umugeni wacu mwananje we
Tumuha intara aratwara
Ashime ivyo twabahaye
Umukobwa avyumvise
Ati mbega ge mawe
Ati umukwe wanyu
Muramuhevye yiyahure
Ngo Maconco ukabona ngo ariyahuye
Ngo na jewe ngo sinsigara
Nyina wiwe avyumvise
Ati sigaho mwananje
Sigaho ngo ntiwiyahure
Genda uziture uyitware mwananje we
Uyitware mu kirimba
Ngo so wawe agataha
Na we nyene ngo ariyahura
Wa mukobwa aragenda
Arayizitura mu kirimba
Arayifata arayitwara
Yarateye mu gahinga mwa bantu mwe
Akamwemwe karamwica
Apfukura araba
Ati Rurebeya ndagutwaye
Yarashitse i muhira iwiwe
Ashitse ngo i muhira iwiwe
Amusanga araryamye
Ntarava ku kirambi
Ati Maconco nuvyuke mugabo wanje we
Ico waririye ndakironse
Ngo Maconco abibonye
Ava hasi aramuramutsa
Imbwa ayishira ku kirimba
Akubitira umuryango
Naho umwami ngo arataha
Mwa bantu ngo muvyumvye
Mbabwire kandi uko vyagenze
Nayo umwami arataha
Arashika kw'irembo
Ahamagara imbwa yiwe
Kandi ize imusanganire
Ahamagara ngo avuga ati
Ngo ehe Rurebeya
Ahi nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Aragira ngo ntiyumvise
Akomeza yegereza
Ngize nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte nte Rurebeya we
Nte nte Rurebeya nawe
Nte Rurebeya
Arabura iyo yagiye
Yegereza mu kirimba
Aho Rurebeya yaryama
Ngize nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Nte Rurebeya
Arabura iyo yagiye
Aca arabaza umwamikazi
Mwamikazi we
Rurebeya ngo iri hehe
Arasimbira mu muryango umwamikazi
Ararahira umusi mubi
Ngo ko atazi iyo yagiye
Abarira umupitsi wiwe
Shira indava aho mu rugo
Oya unsasire ngo ndyame
Ngo n'ugupfa napfuye
Rurebeya yagiye
Arasasa ngo araryama mwa bantu mwe
Ngo n'ukurya ngo ntiyariye
Yamara umwana wa Maconco
Haciye imisi ibiri
Arabarira ngo Maconco
Ati Maconco dawe wanje
Ati Maconco dawe wanje
Urabona imisi ni myinshi
Ntagenda kwa sogokuru wanje
Ntagenda ngo kumuramutsa
Ngo se wiwe aramubarira mwananje we
Uko ugenda ndakubarire
Ntuvuge ko Maconco
Oya kandi ko iri ino
Ntuvuge Rurebeya mwananje
Ukarimena ngo rirakumena
Wa mwana ararahira
Ati ekaye dawe ntayomvuga
Nyina wiwe aramubarira
Mwananje ko ugiye
Uhirarahire ngo urimene mwananje
Ukavuga ko Rurebeya
Nzoshika ngo nce ndakuniga
Ati ekaye mawe
Wa mwana afata akayira
Aragenda mwa bantu mwe
Aratura ku kirimba
Kwa sekuru wiwe
Amusanga araryamye
Ngo yaryamye ngo mu rugo
Wa mwana aramuramutsa
Aramutsa sekuru
Ati sogokuru w'iwanje
Je ndagize ngo bwakeye
Sekuru arihorera
Ati ndagize bwakeye
Sekuru arihorera
Ati ndagize bwakeye
Bwakeye sogokuru wanje
Sekuru arihorera
Wa mwana ishavu riramwica mwa bantu mwe
Ati ibi bintu sindabizi
Asubiza inyuma ngo arataha i muhira iwabo
Wa mwana sekuru ngo bitavuganye
Ashitse mw'irembo
Wa mwana arakebuka
Arabarira sekuru
Ati uranciye mu bibondo vyawe
Ndagiye ga sogokuru
Je ndagiye sinkigaruka
Sinkigaruka ng'aho iwawe
Sekuru agira akagongwe
Ati sigaho mwananje
Nugaruke ndakubarire
Ati ukubabara nababaye mwananje we
Aha ubona nasavye
Rurebeya yaragiye
Sindabizi iyo yagiye
Wa mwana aca ararimena mwa bantu mwe
Ati sigaho ga sogokuru we
Ati aho mawe yava ng'aha ga sogokuru
Yayitwaye ngo mu gikwembe
Ayishira ngo dawe
Aca ava hasi aramuterura mwa bantu mwe
Ati uragakura mwananje
Urakarererwa i Burundi
Aca ahamagara ingabo ziwe mwa bantu mwe
Urya mwana mumugabire
Muce mugenda kw'irembo kwa Maconco
Ngo mukore ngo ico mushaka
N'ukukmenja yamenje
Za ngabo ziragenda
Ziratura kw'irembo
Kw'irembo kwa Maconco
Umugore wiwe abibonye mwa bantu mwe
Yiruka i muhira iwiwe
Ati ngaho Maconco
Ngaho ngo turatewe
Sobukwe araguteye
Oya genda utabaze
Utabaze ugutwara
Amena ikirimba aragenda mwa bantu mwe
Aragenda kwa Digidigi
Ati nyabuna ga Digidigi
Databukwe aranteye
Anteye n'ingabo ziwe
Oya ngwino ngo untabare
Digidigi ngo agira ubwoba
Ati genda ubarire Kanugunu
W'i Busumbura ga Maconco
Azoze agutabare
Afata ibarabara ry'Abadagi mwa bantu mwe
Aratura ngo i Busumbura
Nyabuna ga Kanugunu
Databukwe aranteye
Hamwe n'ingabo ziwe
Oya ngwino untabare
Ibasitori (Pistolet) Kanugunu agira ubwoba mwa bantu mwe
Ariko aremera aragenda
Ati yamara ga Maconco
Oya hogi iyo tugende
Yakira ibikoti yari afise mwa bantu mwe
Abishira ngo mu kwaha
Ashira ibasitori
Ayitwara mu kwahwa
Bafata inzira baraduga mwa bantu mwe
Baratura mu Maramvya
Kanugunu agira ubwoba
Ati sigaho ga Digidigi
Niwumve nguhanure
Genda wubahe sobukwe
Akugabe akuganze ga Maconco we
Yaguhaye intara uratwara ga Maconco we
Aguha n'umugeni wiwe
Ngo Maconco avyumvise
Ngo ndapfuye
Ahita icumu yari afise ry'ingobe ngo mwa bantu mwe
Aritera ngo Kanugunu
Rica mu kwaha riramuhusha
Kanugunu yakira ibasitori ngo mu kwaha mwa bantu mwe
Ayikubita mu gahanga
Mu gahanga kwa Maconco
Ati umumenja turamwishe
Olivier Dismas Ndayambaje urakoze mwiza!
Vraiment olivier urakoze chane la seule chose autentique qui nous reste
Who is he
Rwandamusic
@@claudenyandwi4422 INANGA FROM BURUNDI 😀!!
SORRY.
Iyi nanga ndayikunda cane 🇧🇮🇧🇮🇧🇮 i Matana iwacu
So beautiful, iyo twiga histoire uku
Mwakoze gushira iyinanga kur you toub
Inanga nziza cane musyire nyinshi kuri u tube
AKaranga ningata igihugu n'igisabo dutegérezwa gushigikiza igihugu cacu le Burundi akarangaa kacu
Ikiniga nimpamo.
iraryoshe kweri
I love my country from zambia
uragakura mwananje, irakarererw'iBurundi
Le Burundi est un très bon pays...... Mw'isi n'icambere
@@monabucagerard3511 Urakarererwa i burundi bitwibutsa indero yo ku ziko abavyeyi batanga nibaza ko i burundi ariho honyene batanga inero yo ku ziko
Beautiful 😍
Mu karere ki biyaga binini, Abarundi turi Abambere mu karanga: dufise Ingoma za mbere kw' isi, Inanga, ibicuba, Indirimbo zi Kirundi nziza.
@Gilles ku ngoma muri akarero
Natwe i rwanda ku mbyino turi abahanga
Nabarundi baratamba neza cane.
@@ananiasshiramanyama7628 nibyo abarundi ingoma barazizi cyane abarwanda nabo imbyino barazibasha cyane
inanga on peut competer mais ingoma zozo kabisa muradufite
@@themotionness ninanga turabafite
❤izammaho
I love this called inanga 2022 from+61
Duhe lyrics ya maconco
❤❤❤❤❤❤🎉 I love you Burundi
Ariko ndakeneye kumenya nimbaa iyombwa ivurwa munanga ariyo umwami mwezi na maconco bapfuye koko,canke ni ikindi kintuu basubirje na rurebeye kitazwi?
Akaranga kacu kararyoshe yemwe! Iyi nanga irabica bigacika kuva mubwana kugera nubu turacayumviriza! Izama ar iyambere
Iyombwa none yari imbwa nyabaki?
Beautiful
Ibibintu ndabikunda numutima wose
I am proud of being burundian.
Maconco was a leader from Muramvya.
Ntibanyurwa
Nibitse muhira kwa bibi imwurire kumugano
Ibibinyerekako:Abanyarwanda,abarundi,abanyamulenge inkomoko yacu ari1 nkuko harimicho myinshi duhuriyeho harimo ninanga.
Kibeshamahanga, nta banyamulenge babaho, Mulenge n'umusozi wabafulero, mureke kuzamubesha amahanga, abiyita abanyamurenge n'abamenja babatutsi babanyarwanda bahawe ahokuba n'abakongomani mukubashimira birigwa babica ngobabatware igihugu, bamaconco bamaho pe.
@@wilsongafurero4284 wamburabwenge weeee wabikuyehe???uzige histoire ya African ugabanye ubujiji..
Abarundi nabambere kunanga gusa araho bihurira ninanga yo muri Somalia mwabantu mwe
Inanga ya Somalia irimo akajagari kenshi.
Imico nakaranga vyigihugu cacu biranezereye
Ndakunda iyi nanga sana!! Ariko sinari bwumve ko harimwo agakosa!! Umugore wa Maconco yagiye gutora imbwa RUREBEYA kwa Se, si kwa Sebukwe; ni kwa Sebukwe wa Maconco, si kwa Se wa Maconco!!!
ikosa .ni se wa muka maconco. apana kwa se wa maconco
umwami murumva KO yamuraze neza.ngo arakareregwa iburundi.abandi nabo nukwirukira amahanga.birababaje
iracari iyambere kabisa
IRARYOSHE GOSE KANDI IRIGISHA
Nibwira ko havugwa sebukwe w'umugabo
Maconco niyakera numugan ukomey kandi nikint gikomeye kugihug cacu ciza cuburundi
❤💚
Ukubabara kurababaza ye nyabura
Ugutonekara kutaraza
Uwo rero muramwumva
Yari nyina ngo oya wiwe, Maconco yanze kumva ariko nazekubona
Iyinanga ndayikunda kuva minuto bwanj muga iyimbwa yateranij umukwe na sebukwe sintahura iyariyo
Urabaza uzoyimenya
Ni Rurebeya
Hooo🥲🤔🤔🤔🤔🤔
Uburundi turicarabambere kabisa
Why do they whisper? I'm under the impression people sing to be heard, right? So, why whisper?
Wonderful!
Burundi terimbere100/100
Nisaw
Ndakunda iyinanga yambazabugabo
J adore
Triste histoire mais vraie.
Amateka
Akaranga kacu
❤👏🇧🇮
Kanugunu yubahwe
I love this music.
Irankomeza
Salut, mwampa contact z abantu bafite rights kuri iyi nanga? Yaririmbwe na nde?
Le Professeur Melchior Ntahonkiriye, je crois.
N'agahogo ka kera cane!
@@guillaumerusengo9371 ninko mumwaka wakangahe?
Nanje ndayikunda cane rwose kuruta n'a ya miziki yaba SATURA
I love my country ❤️❤️❤️
Birababaje kweri
C est beau
Mbega Poèsie !
urakoze cane gushirako iy'inanga 'maconco'
Cane gose :-*
Remmy Barutwanayo
😂😂😂, ahubwo Kanugunu yaramwitanze...
Good.song
.
irambire.warandikishije.amatekameza
Digidigi yari muntu ki mudusobanurire?
Warner Von Grawert
Iyo mbwa nimba haribindi bayishakamwo
المنتصر الرحبي 😂😂😂😂😂nukuri
Inanga ihimbaye cane
Ushase kuvuga iki?
Dore aho kuvuga ngo AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE byaturutsee ruclips.net/video/kID9FvVAvIY/видео.html
😭😭😭😭😭😭😭😭😭😭
Rurebeya
y
🇧🇮🇧🇮🇧🇮 💪💪💪