Urunani CFOR-Arusha ruriyamiriza insiguro z’umukuru w’Igihugu ku bijanye n’imfashanyo mvamakungu

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 8 сен 2024
  • Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akwiye guhagarika kubesha Abarundi mu kuvuga ko abahora bazana amafaranga y’agaciro mu gihugu batakibikora kuko Uburundi babucukije. Ivyo bivugwa n’uwurongoye urunani rwa politike rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha, Frédéric Bamvuginyumvira. Ku bwiwe, Ubumwe bwa Buraya, bwari busanzwe bufasha Uburundi, bwahagaritse imfashanyo zabwo kubera ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa n’inzego za leta. Arongerako ko leta y’Uburundi vyayinaniye kwisubirako kugira iyo mfashanyo isubire itangwe. Frédéric Bamvuginyumvira abona ko Abarundi bari bakwiye kwiyamiriza abayobozi batabafitiye imigambi irashe.

Комментарии •