Amavuta y'ibiyoba. Uburyo bworoshe cane bwo guhingurira amavuta y'ibiyoba aho i muhira iwawe.

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 2 окт 2024
  • Ino vidéo irerekana neza uko amavuta y'ibiyoba ahingurwa. Mu bisanzwe ayo mavuta uhejeje kuyahingura, urayakoresha mu guteka imfungurwa. Birya bikamvurwa bisigara ntubita ahubwo ukata dutoduto ukanikira Ku zuba, vyumye neza nka kirya kw'ama biscuits ugaca wihereza, abana barabikunda cane. Mu gihe udashimye kwanikira, uca ucisha mu mavuta, ugaca uha abana bakihereza. Merci

Комментарии • 14

  • @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE
    @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE  26 дней назад

    Ku bashaka kumenya guhingura amavuta y'amavoka , fyonda hano ruclips.net/video/u4_Wf9-ojts/видео.htmlsi=gJorfFT_0DYWS1T1

  • @RaïssaNDUWIMANA-n9l
    @RaïssaNDUWIMANA-n9l Месяц назад +1

    Merci bcp kubw'iyo partage utugiriye,je ndungutse cne!!
    Nshaka kubaza rro,uhejeje gukuramwo amavuta,irya patte ntakind kintu uyikoresha ucuyita?.merci

    • @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE
      @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE  Месяц назад +1

      Urakoze gushima Mme Raissa.
      Uhejeje gukuramwo amavuta, irya patte ntuyita, ahubwo uca iyanikira ku zuba, yumye neza ukayikatagura ukayiha abana bagafungura. Ikindi naco , mu gihe udashaka kuyicisha Ku zuba, uca ukatagura dutoduto ugacisha mu mavuta, nkakurya kw'ibitumbura, mu nyuma ugaha abana bagafungura, muri Nigéria bavyita Kulikuli. Murakoze

  • @AudaceNdagijimana
    @AudaceNdagijimana Месяц назад +1

    Mukomere

  • @YvesKAMIBURUNDI
    @YvesKAMIBURUNDI Месяц назад +1

    Nice one
    Birashoboka Ko turonka n'ayo kwisiga?

    • @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE
      @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE  Месяц назад

      Thanks.
      Amavuta y'ibiyoba vyiza akoreshwa mu mfungurwa, ariko n'aho woyisiga ntaco vyica. Amavuta meza cane yo kwisiga ni amavuta y'amavoka.

  • @celestinnduwimana1536
    @celestinnduwimana1536 Месяц назад +1

    Murakoze cane kuri iki cigwa
    Hama akogakoredho gasya kitwa gute ? Ikindi aryamazi ashushe usukamwo ntarugero rwayo ruhari canke upfa gusukayo? Ikindi muratubwira mu kilo kimwe havamwo amavuta angana gut kugire tumenyeko business yokunguka

    • @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE
      @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE  Месяц назад +1

      Merci bcp pour votre commentaire. Akuma gasya kitwa Mixeur. Amazi uragereranya ariko ntusukamwo menshi cane. Jewe aho nakoresheje ikilo kimwe ariko caragabanutseko nk'irobo kuko abana baramotewe cane 😅😅baransaba ndabaha. Naciye nkuramwo amavuta yababa 450ml.

    • @gdivineakim
      @gdivineakim Месяц назад

      ​@@IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE
      Abana bamotewe nta vyo kubabwira ko uriko ugira experience ngo urabe ibivamwo 😂😂😂

  • @LeonidasBikorimana
    @LeonidasBikorimana Месяц назад +1

    Merci beaucoup maman woduh Num WhatsApp kugirang umunt afise ikibaz abaze vyoroshe.ndakund vidéo zawe

  • @RichardNsengiyumva-mw8kg
    @RichardNsengiyumva-mw8kg Месяц назад +1

    Murakoze ndungutse ubumenyi.
    None ko ibiyoba bitandukanye, umuntu yokoresha ubwoko ubwahe?
    Ayo mavuta ntashobora gushirwa kwisahani ugira ufungure?

    • @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE
      @IMIBEREHOTVIRUTAVYOSELYSE  Месяц назад

      Murakoze gushima. Ibiyoba wokoresha ivyarivyo vyose ntakibazo kuko vyose biravamwo amavuta. Vyiza ayo mavuta urayakarangisha n'ahatunguru bishobotse ugashiramwo😄