Uwakoroye Indege yarimwo

Поделиться
HTML-код
  • Опубликовано: 18 окт 2024
  • Imyaka 26 iraheze Uburundi bubuze Colonel Firmin Sinzoyiheba, umushikiranganji wo kwivuna abansi w'incabwenge.
    Hari ku wa 28 nzero 1998, aho indege ya kajuguju (hélicoptère) yari ireruye Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Colonel Firmin Sinzoyiheba (Kagajo), yakoroka iriko irasha, ku musozi wa Gihinga mu ntara ya Mwaro. Umushikiranganji Firmin Sinzoyiheba yari yitavye inama yariko ikoreshwa na Prezida Buyoya mu gisagara ca Gitega. Colonel Sinzoyiheba n'abo bari kumwe muri iyo ndege, nta n'umwe yarokotse.
    Abandi bane bayisizemwo ubuzima ni :
    umupfasoni Anna Sindamuka yari umuhanuzi adasanzwe mu biro vy'umukuru w'igihugu,
    Major Cassien Kadodo yari umudereva w'indege,
    Adjudant-chef Apollinaire Ndarisigaranye yari ajejwe umutekano w'umushikiranganji,
    Caporal Prosper Nisagambe yari ajejwe umutekano wa Major Kadodo.
    Umushikiranganji adasanzwe
    Muri iyo myaka, Firmin Sinzoyiheba yari umushikiranganji azwi cane. Yari yagenywe na Prezida Sylvestre Ntibantunganya mu kibanza c'umushikiranganji wo kwivuna abansi. Imbere y'aho, Major Sinzoyiheba yari azwi nk'intwazangabo iciye ubwenge yakunda kubaza ibibazo bikomeye mu nama zakoreshwa n'umukuru w'igihugu. Yari yararongoye ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM, akiri capitaine naho mu 1987 yari umunyamabanga w'Inama nkuru y'abasirikare batembagaje Prezida Bagaza (Comité militaire pour le Salut National - Inama Ngarukiragihugu). Prezida Buyoya agarutse ku butegetsi mu 1996 yagumije Colonel Sinzoyiheba mu kibanza c'umushikiranganji wo kwivuna abansi.
    Firmino Sinzoyiheba azwi nk'umugabo w'incabwenge yavuga ukuri atabanje kurya umunwa. Benshi bamwibukira kw'ijambo yavuze inyuma y'ubwicanyi bw'abanyeshure b'abahutu muri kaminuza y'Uburundi muri ruheshi 1995, aho yakarira abanyeshure b'abatutsi. Firmin Sinzoyiheba yababwiye ati : "Ibi mwakoze mwakomeje ikiroberi, aba bagenzi banyu bagiye bazogaruka batwara igihugu !". Aho hari ku ntwaro ya Prezida Ntibantunganya. Ijambo yavuze ryahindutse ukuri inyuma y'imyaka 10 gusa
    Abandi bamwibukira ku mutima w'ubuntu wamuranga. Akarorero gatoyi : umuvyeyi wa Leonardo Nyangoma yarigeze kugwara cane mu gihe c'intambara. Abantu benshi baratinye uwo muvyeyi bamuja kure kubera umuhungu wiwe ariwe yari arongoye ikirobeli ca CNDD. Ivyo ntivyabujije Firmin Sinzoyiheba gukura ruguru umuvyeyi wa Leonardo Nyangoma, amushira mu bitaro bikuru vy'abasoda i Bujumbura, aramuvuza. Ico gihe vyari bigoye gutahura ingene umushikiranganji wo kwivuna abansi ashobora kuvuza umuvyeyi w'umukuru w'ikirobeli bahanganye. Si benshi mu bategetsi b'Uburundi bokwubahuka ikintu nkico, haba muri kahise haba no muri kubu.
    Haba muri Leta ya Prezida Ntibantunganya, haba muri Leta ya Prezida Buyoya, Colonel Sinzoyiheba yibukwa nk'umushikiranganji wo kwivuna abansi atatinya kuvuga iryo agona, mbere akanubahuka kuvuga ku bibazo bijanye n'ubundi bushikiranganji. Yari umusirikare avuga ibijanye na kazoza k'igihugu, umushikiranganji wo kwivuna abansi yemeza ko amahoro atazozanwa n'intambara. Ukuri kwiwe kwatuma akundwa na benshi. Mu karere yagereranywa na Général Kaguta Museveni mu Buganda be na Général Kagame mu Rwanda. Muri iyo myaka hariho inyandiko zabita "les 3K de la région des grands lacs" (Kaguta - Kagame - Kagajo). Iyo mvugo irashobora kuba yaratera ubwoba abatwara Uburundi ico gihe.
    Isanganya riteye amakenga
    Isanganya ryahitanye Colonel Firmin Sinzoyiheba ryagumyemwo Igipfungu. Indege yakorotse iriko irasha. Insiguro yahawe Abarundi nuko indege yakubiswe n'inkuba. Ariko hari benshi bavuze ico gihe ko indege yoba yarimwo ikibombe caturitse. Nkuko vyama mu Burundi, nta matohoza yigeze akorwa kuri iryo sanganya. Amwe mu makuru y'ibanga y'ico gihe aravuga ko imbere y'urwo rupfu hariho abakozi b'iperereza ry'igihugu kimwe ca Bulaya bari baje gutohoza ku ntumbero z'umushikiranganji Firmin Sinzoyiheba. Hari igihugu coba caratinya rwose ko ashobora gufata ubutegetsi akifatanya n'ibindi bihangange mu karere.
    Isanganya rya kajuguju ryahitanye Colonel Sinzoyiheba risa n'ayandi masanganya yashikiye abategetsi b'igisirikare mu butegetsi bwa Prezida Buyoya. Muri ruhuhuma 1989 isanganya nkiryo ryahitanye ubuzima bw'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare Lieutenant-colonel Edmond Ndakazi. Kajuguju yari imukuye mu makambi ya Mabanda na Nyanza-Lac yaguye mu Kiyaga Tanganyika mu gihe yariko irashika i Bujumbura. Nta matohoza yakurikiye mu gihe hagumyeho amakuru avuga ko indege yarashwe. Mu 1992 naho kajuguju ireruye umushikiranganji wo kwivuna abansi, Colonel Léonidas Maregarege, yarakorotse mu kibira. Colonel Maregarege yarakomeretse bikomeye ariko Imana irarinda ubuzima bwiwe.
    Abashikiranganji nka Colonel Firmin Sinzoyiheba baboneka gake mu buzima bw'ibihugu. Uburundi bwarabuze intwari.#Amakuru_yurugendo_news
    #Updats_zurugendo_news
    #Interviews_zurugendo_news
    AMAKURU YA 🅱🅱C GAHUZAMIRYANGO
    AMAKURU YA RPA YIHUTA
    AMAKURU YA HAGURUKA YIHUTA
    AMAKURU YÍNZAMBA YIHUTA
    AMAKURU YA PEAC FM YIHUTA
    AMAKURU N'IBIGANIRO BICUKUMBUYE

Комментарии • 17